Search
Close this search box.

Abakenyezi n’abigeme b’Abarundikazi baracahanzwe n’ibibazo bitari bike bituma bataronka uburyo bubafasha gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Donavine NIYONSABA, umuyobozi ajejwe Iterambere Ridakumira mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramebere Ridakumira kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 munyonyo 2022 I Gitega mu kwugurura inyigisho z’iminsi 2 ziriko zihabwa Abakenyezi n’abigeme b’Abarundikazi barongoye amashirahamwe atandukanye y’abakenyezi  mu ma komine agize igihugu c’Uburundi.

Yamenyesheje ko Ihuriro ry’Abakenyezi mu Burundi ari urwego mpanuzwajambo rwashizweho na Reta y’Uburundi mu mwaka w’2012 mu ntumbero yo kuronsa abakenyezi aho bahurira bakongera bakwungurana ivyiyumviro ku bijanye no kwubahiriza agateka k’abo biciye mu guserukirwa mu bibanza bifatirwamwo ingingo no mu nzego zo gutsimbataza amahoro n’umutekano, mu gushigikira imigambi yo kwiteza imbere no kurwanya ico cose coza gikumira umukenyezi.

Aca avuga ko ari muri iyo ntumbero yo guteza imbere agateka k’umukenyezi ibitari bike biramaze kurangurwa, Aho yashimikiye cane cane kuri ibi bikurikira:

Kw’ishingwa, kuva mu mwaka 1982, ry’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo iterambere ridakumira;

Mw’itunganywa no mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu werekeye iterambere ridakumira;

Kw’ishingwa ry’Ihuriro ry’Abakenyezi mu Burundi kuva mu mwaka w’2012 kugira ngo abakenyezi baronke aho bashikiririza ibibaraje ishinga;

Mw’ishingwa ry’umugambi w’igihugu werekeye guteza imbere umukenyezi mu butunzi;

Mw’itunganywa ry’umugambi w’igihugu wo gufasha abenegihugu kwuronka umwavu w’ikizungu mu ntumbero yo kurwiza umwimbu;

Mu gukwiragiza umugambi wo kuziganya no kuguranana “Nawe Nuze “mu ntara zose z’igihugu;

Mw’itunganywa ry’umugambi w’igihugu wo kuvura ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibaruka,

Kw’ishingwa ry’ibanki y’itarembere y’abakenyezi;

Ishingwa ry’ibanki yo guteza imbere uburimyi; n’ibindi.

Niko guta amenyesha ko naho vyinshi bimaze kurangurwa, intambwe ikiri ndende, ko Abakenyezi n’abigeme b’Abarundikazi bagihanzwe n’ibibazo bitari bike bituma bataronka uburyo bubafasha gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere;

Ati “Dusanzwe tuzi ko mu mitumba yose y’Igihugu, abakenyezi n’abigeme bagiye hamwe barashinga amashirahamwe atandukanye yo kwiteza imbere ariko bakaba badafise ubumenyi buhagije bw’ingene bategura umugambi, ingene bawushira mu ngiro n’ingene bowukurikirana”.

Aca yungikanya ati: “Aka rero n’akaryo keza muronkejwe kugira muronswe inyigisho zikwiye zizobafasha mwebwe ubwanyu ndetse na bene wacu mwaje muserukiye kwikorera no kurangura imigambi mwipfuza”.

Yaciye aboneraho gusaba abaronkejwe izo nyigisho kuzisabikanya na bagenzi babo basigaye mu ma komine baje baserukira kugirango nabo baronke ubumenyi buhagije, gutyo ngo bashire inguvu hamwe umunwa wose uheze uronke ico ufungura n’umufuko wose uronke amafaranga.

Izi nyigisho rero zatanzwe nUbushikiranganji bwo gushigikirana buri bwifadikanije n’abarongoye Ihuriro ry’Abakenyezi ku rwego rw’igihugu, ngo zije nk’inyishu ku mwitwarariko wo guteza imbere umukenyezi n’umwigeme maze igihugu kikaharonkera akoyokwe.

Akaba yarangije abipfuriza kuzoshira mu ngiro ivyo bazoba bize inyuma y’iminsi 2, bizotuma bategura neza bongera bashira mu ngiro imigambi bazoba bo nyene bashoboye kwiyubakira, maze igateza imbere imiryango yabo n’igihugu cose.

Aca abahamagarira kuzitura ya banki y’iterambere ry’abakenyezi kugira ibaronse ingurane ku nyungu itavuna kanatsinda ihari ku bwabo ngo ni bamara rero gushinga iyo migambi.

Nawe Samuel NININAHAZWE, Umuhanuzi wa Buramatari w’Intara ya Gitega ajejwe Imibano, arashima cane ukungene Reta Mvyeyi kandi Nkozi yashizeho Ibanki y’abakenyezi ifise icicaro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramebere Ridakumira busanzwe bukora vyinshi bifasha cane mw’iterambere ry’imiryango n’iry’igihugu.

Akaba yashimye cane kubona bwatunganirije izo nyigisho mu ntara ya Gitega, aho ngo abakenyezi basigaye batinyuka bakitoza cane mu nzego zitandukanye.

Aha akaba yatanze akarorero k’urwego rw’abahuza bo kumitumba abakenyezi bitabiriye cane bararwitozamwo ku rugero rushimishije.

Yaciye abipfuriza kugubwa neza mu minsi ibiri bari bagiye kumara muri iyo ntara, kuo ngo ari intara itekanye cane mu bijanye n’amahoro n’umutekano.

Icegera c’uwurongoye Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu umupfasoni Madeleine BAMWIZERE, yavuze ko batumiye umukenyezi umwe umwe muri izo nyigisho mu bakenyezi barongoye amashira ari mu makomine yose agize iguhugu c’Uburundi kugirango babigishe ukungene bategura imigambi, ingene bayikurikirana n’ingene bayishira mungiro.

Yavuze ko abakenye ngo iyo bahawe ingurane bishura neza gusumba abagabo, ari nakwo guca abahimiriza gutunganya imigambi izobatuma baronka ingurane muri ya banki y’iterambere ry’abakenyezi. Aca arangiza aabasaba kudasamara kugirango ivyo babigisha babifate nkama bazobone kubishikiriza abanda mu mashirahamwe ari mu makomine baje bavamwo.

NSENGIYUMVA Janvier asanzwe akorera mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba yaciye abigisha ibijanye no kwuyumvira hamwe no gutegura umugambi.

Nawe NZITUNGA Ernest akora mw’ishirahamwe ANACOP abkaba yabigishije ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi hamwe n’ingene bawukurikirana.

Mwomenya ko izo nyigisho zije inyuma yahoo haheruka kuba inyigisho kubagize ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu, aho nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe  Gushigikirna yari yasavye abarongoye Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu kuja gukangurira abakenyezi mu makomine no kumitumba, kugirango bahurumbire kugira imigambi yoshigikirwa n’ibanki y’abakenyezi.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender