Search
Close this search box.

Iyo hariho abagomba guhungabanya umutekano hanini usanga baca ku rwaruka

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18gitugutu 2022 I Gitega igihe yariko arugurura uruganda rw’inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe urwaruka ruhurikiye n’urudahurikiye mu migambwe yo mu ntara ya Gitega mu ntumbero yoguhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro  wa 2022.

Yavuze ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bwahisemwo gutanga izi nyigisho kuri ku rwaruka na canecane yuko iyo habaye ihungabanywa ry’umutekano nirwo rusanga biraba kandi ngo iyo hariho abagomba guhungabanya umutekano hanini usanga baca ku rwaruka.

Ati Mubijanye n’umutekano hariho vyinshi urwaruka rukora ugasanga biriko bihungabanya umutekano, aca atanga akarorero ko kunwa ibiboreza n‘ibiyayura mutwe.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yasavye yuko iyo ngendo urwaruka rwoyisezerera ahubwo rwijukire ibikorwa vy’iterambere, Bikunde baje mu mashirahamwe yo kwiteza imbere bategure imigambi hama biture Ibanki y’urwaruka kugirango ibaronse ingurane.

Yarakengurutse ukungene ubukozi bw’ikibi bwo muri kahise  bwavangura urukoba bwaranduranywe n’imizi mu burundi, aho akaba yavuze ivyakorwa bijanye no guhiga buhongo banyamwema vyabaye mu ntara zitandukanye ariko kandi ngo ntawosya bwose, ati :“Nk’urwaruka tubasavye gufasha gukinga iyo nyifato no gukingira abohirwa bahorwa urukoba rwabo“.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yamenyesheje abari aho ko Uburundi bwama  bwifatanya n’amakungu mu guhimbaze umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uko umwaka utashe, kandi ko ari muri iyo ntumbero yuwo musi mukuru wahariwe amahoro Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bwatunganije izo Nyigisho.

Uwo munsi ngo ukaba washizweho n’inama nkuru ya ONU mu mwaka wa 1981 mu ngingo yayo ya 36/67, kandi ko ngo iyo ngingo ihamagarira amakungu yose guharanira amahoro no kuyatsimbataza, ikongera igashinga ko uwo munsi woharirwa gukomeza ivyiyumviro vy’amahoro mu bihugu vyose no mu bantu bose.

Yavuze kandi ko Uno mwaka inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yashinze ko uwo munsi uzoharirwa gukomeza ivyiyumviro vyo kuvavanura n’amacakubiri ashingiye ku rukoba, hakubakwa amahoro.

Ati “ni umunsi uhambaye cane kuko ariko kanya ko kwirimbura kuvyerekeye gutsimbataza amahoro ku bihugu vyose”, ukaba wahimbajwe ku civugo mpuzamakungu kivuga kiti: “DUSEZERERE AMACAKUBIRI AFATIYE KU RUKOBA MU KWUBAKA AMAHORO”.

Yarongeye ati: “Twese turazi ko mu bihugu vyose vyo kw’isi iyo hari akarenganyo, ubusumbane imbere y’amategeko, amahoro arahungabana. Iyo amahoro ahungabanye, iterambere, ubutunzi, imibano, imigenderanire birasubira inyuma nk’ibirenge kandi n’agateka ka zina muntu kaba gahungabanye”.

Yaribukije ko aha mu Burundi ibirori bijanye n’uyo munsi bitaratunganywa kubera ibikogwa vyinshi vyagiye birahurirana ku masango bari bipfuje, ariko ko mu gihugu cose harangwa umutekano. Abenegihugu bariko bakora ibikorwa vy’iterambere ata nkomanzi.

Rero ngo mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira Twebwe mu bushikiranganji baranezerewe cane, kuko indongozi zose kuva hasi gushika hejuru bose bigisha amahoro, bigisha urukundo mu ngiro mbero no mumvugo zabo.

Ngo n’ubwo Uburundi bwakozweko n’ikiza ca Covid-19 nk’ibindi bihugu vyo kw’isi, abeneguhugu bakomeje guhangana naco no kugituza ngo ni naco gituma, uno munsi ushitse ico kiza cararwanijwe kurugero rushimishije, nayo Leta Mvyeyi Leta nkozi atakwo itagira kugirango ico cose cotosekaza amahoro ikigwanye mu buryo bwose, mugabo ngo  naho cagabanutse agasaba urwaruka kubandanya rukurikiza impanuro zitangwa n’ibisata bijejwe amagara y’abantu.

Mu Burundi rero naho ngo ikicivugo bahisemwo muri uno mwaka w’i 2022, kivuga giti:«TUGWANYE IVYO DUTANDUKANYA, DUHARANIRE AMAHORO ».

Yaronyeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi yama ikora itiziganya kugira ngo agateka ka zina muntu kamenyekane kandi kubahirizwe, aha agaca Ashima ingene yashizeho ibigo bijejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye no gukuraho igihano co gupfa.

Ubu naho ngo Ikaba iheruka gushiraho n’ugwego rw’abahuza bo kumutumba, rugizwe n’abagabo n’abapfasoni bitorewe n’abenegihugu kugira bababere abahuza maze akizera ko ugwo rwego ruzoterera cane mubijanye no gukinga amatati, agasawe buri wese kubatera intege ntihagire abobabera intambamyi mubikogwa vyabo.

Aca avuga ko ari no muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu, n’iterambere ridakumira ritunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu  harimwo n’uburenganzira bwo kubaho mu amahoro zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi.

Izo nyigisho rero ngo zikorwa mu ntumbero yo kungura ubumenyi n‘ubushobozi  vya buri wese mu bijanye no guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu.

Ngo Muri izo nyigisho, abo ziba zigenewe barunguka ubumenyi mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri rusangi hadasigaye inyuma ibijanye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.

Ati muri kahise, vyaribonekeje neza ko kutamenya no gukengera ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye hakorwa ibikorwa vy’ubuyobe vyatumye abatuye isi babona ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe nk’ako katokongera kubaho kw’isi, ngo ni navyo bigaragara mw‘Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ari naryo fatiro ry’ubundi burenganzira bwose bwa kiremwa muntu.

Ngo birakenewe cane rwose rero ko agateka ka zina muntu gakingirwa n’amateka n‘amategeko yubahiriza ako gateka kugira abantu babane batekaniwe mu mahoro.

Yrwo rwaruka rero rukaba rwigishijwe inyigisho zerekeye :

Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu;

Uburenganzira bw’ imigwi y’abantu bafise ingorane bisangije ;

Uburenganzira bwo kubana mu mahoro ;

Kugira uruhara nk’umwenegihugu.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender