Search
Close this search box.

« Ndabipfurije imigisha »

Uwo ni umuhezagiro watanzwe na Nyakubahwa Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 gitugutu 2022,  aho yari aramutse aragendeye iraro ry’ingurube 15 zatanzwe n’Ubushikiranganji bwo bujejwe gushigikirana, zahawe koperative y’ abakenyezi bo ku murwa mukuru wa Province ya Ruyigi.

Yabipfurije kugira imigisha muri ico gikorwa co kworora izo ngurube, aca abasaba ko bogira umwete mu kworora izo ngurube kandi bakabikora babikunze kugirango n’abandi zizobagirire akamaro.

Yabipfurije ko iyo koperative yobabera umugisha , ukaba umugozi udacika uva kuri province ugashika muri comine no mu mitumba mu kugenda bokoreranira ibitungwa bizoba bikomoka kuri izo ngurube, gutyo ngo uburundi bushobore kurwanya ubukene

Yababasavye kwitura ibanki y’abakenyezi iri ku murwa mukuru w’Intara ya Gitega kugirango bashobore kuronka ingurane yisununuye, bakore n’ibindi biruta aho.

Yarabashimiye kukungene bafashe neza izo ngurube aca abaha impanuro ‘ingene botunganya neza urwo ruhongore, bakazitirira antihagire uwariwe wese apfa gushikira aho ziri kandi umuganga w’ibitungwa yame abarabira ko atangwara ishobora kuzitera.

Uwurongoye iyo koperative akaba yarashimye cane iyo ngabire y’ubushikiranganji, aca asaba ko hamwe vyokunda bobashigikira mu kubaronsa  icuma co guhingura ibifungurwa vy’ivyo bitungwa.

Mwomenya ko mu ghugu cose ubwo bushikiranganji bwatanze ingurube zirenga 1300 ku mashirahamwe n’amakomerative, gutyo bakazogenda bahanahana gushika aho mu gihugu cose zizokwira abahora ari ba ntahonikora bave mu kene kuko umwavu uzoca wiyongera. 

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender