Search
Close this search box.

Reta Mvyeyi kandi nkozi iritayehe ineza y’abana vy‘ukuri

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 kigarama 2021, i Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramabere Ridakumira yakiriye imfashanyo y’ibifungurwa vyatanzwe n’ubuserukizi bw’ubushinwa ngaha mu Burundi, ku kigo c’impfuvyi co kw’ijabe.

Mw’ijambo ryiwe, Zhao Jiangping, Aserukira igihugu c’ubushinwa mu Burundi, yamenyesheje ko buri mwaka ari umugenzo mwiza wo kwama baza kw’ifatanya n’ibibondo vyo muri ico kigo kugirango bashobore guhimbaza neza iminsi mikuru ya Noel hamwe n’umwaka mushasha.

Bakaba bashikirije imfashanyo igizwe n‘amata, umuceri, ifu y’ibigori, amasabune, amitobe ibisuguti n’ibindi.

Bakaba kandi baheruka no gufasha mu gusanura uruhande rutari ruto rw’inzu y’ico kigo.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramabere Ridakumira yarashimye cane iyo nfashanyo, aca anamenyesha ko ico kigo gifise n’ingorane yo kujana abana kwa muganga iyo hagize uwurwara, canke kubasumira, kubera ko ata modokari gifise.

Yamenyesheje kandi ko ico kigo c’irerero ry’abana twagendeye ari ica Reta y‘Uburundi. Cashinzwe guhera mu mwaka w‘1962, ico gihe Reta ikaba yipfuza ko ata mwana n’umwe w’impfuvyi yobura ubuzima.

At: „Iyo ngendo nziza ya reta murabona ko ikibandanya n’ubu, aho n’abatari ab’impfuvyi Reta Mvyeyi kandi nkozi yashize ko abavyeyi bibaruka n’abana batarenza imyaka 5 babandanya bavuzwa ku Buntu“.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko ico kigo gifise ububasha bwo kwakira abana 60, ko uko umwaka utasha bakira abana b’impfuvyi batagira ba se na banyina, canke abo nyene bigaragaye ko batagira n’umwe ashobora kubarera.

Ngo bamaze gusohora abana batari bake, bamwe mbere baragiye kwubaka izabo, abandi barasubiye mu miryango yabo, abandi nabo bararonswa imiryango ibakira nk’abana babo bwite (Adoption) yaba iyo ngaha iwacu canke mu mahanga.

Ubu bakaba basigaranye abana 45, harimwo abakiri bato cane.

Yangije amenyesha ko mu misi iheze Ubushikiranganji arongoye bwagendeye ibigo vyose bifise amarerero y’abana, abo basanze badakwije ibisabwa, bakaba baciye bugara ibigo bigera kw’13 kugirango abo bana barerwe n’ababishoboye. Abo babishoboye Ubushikiranganji bukaba bubandanya bubafata mumugongo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagize ati: “Kwitaho umwana si igikorwa coroshe. Nico gituma dushimiye cane umuyobozi w’iki kigo n’abakozi bamufasha buri musi. Iki ni igikorwa c’umuhamaro w’Imana. Aba bana muriko murafasha ngaha, nta n’umwe afise se canke nyina.

Ni mwebwe bavyeyi babo. Murabereka rero kandi ndazi ko mwama mubikora, umutima wa kivyeyi vy’ukuri. Maze ni bashika mu bigero bazobeshweho n’indero runtu muzoba mwabareresheje. Imana niyo izobahemba kuri ico gikorwa“

Abana bo muri ico kigo bakaba barashimye nabo nyene, bongere bakengurukira Umushikiranganji ajejwe gushigikirana, n’abababareze, kukuntu bama na ntaryo babitwararika.

Mwomenya ko barangije mu gushikiriza abo bana bimwe muvyo bari bahejeje kwakira, ari ibisuguti n’imitobe y’ivyamwa.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender .