Ikigo ca Reta kigorora abamugaye CNAR acaronkejwe Icuma ca Radio Gipima n’indwara y’Igituntu

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 17gitugutu 2022 mu kigo ca Reta kigorora abamugaye CNAR, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikirangnaji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira yarakiriye ingabire y’Icuma c’iradio catanzwe na Fontaion hamwe na Association MUSEKE y’abataliano.

Akaba yashimiye cane abarongoye iyo Fondation MUSEKE kuko yakoze igikorwa ciza na burya ikigo CNAR gisanzwe gufasha abantu benshi kandi batishoboye

Agatera akamo abantu bose bafise abana bavukanye ubugaru canke bafise ubumuga bakenera kwipimisha muri radio gusubira kwitura ico kigo CNAR.

Umuhinga asanzwe akoresha ico Cuma ca Radio akaba yatumenyesheje ko hari haheze amezi umunani icuma ca radio kidakora kandi gifise ububasha bwo gupima imvune eka mbere n’indwara y’igituntu.

Akaba ahimbawe kandi nuko amaze kwigisha abazomufasha gukoresha ico cuma, naburya agiye kuzohava akukuruka, ariko akaba yafashe ingingo yo guha ubumenyi abandi bakiri bato.

Nyakubahwa Umusikiranganji ajejwe gushigikirana akaba kandi yavuze ko yari yahawe ico cuma mu kwezi kwa gatandatu hariya mu Butariyano, mu mpapuro, maze iyo ngabire igaca itangura kurungikwa none ikaba yashitse  kandi ikaba ishikirijwe icese ikigo CNAR.

yashimiye abarongoye ikigo CNAR kubwira n’Ubukerebutsi bakorana mu kurondera abagiraneza bafasha ico kigo hamwe n’abakozi bamufasha gutunganiriza ababitura.

Yaboneyeho gukeza abakozi bashasha baheruka guhabwa akazi muri ico kigo, aca abibutsa kuzokwama na ntaryo bakora bataravye amasaha y’akazi, ahubwo bisunze ineza y’umurwayi bakiriye, gutyo ikigo CNAR kizobandanye gihurumbirwa na bose.

Akaba yahamagariye abakozi bose kubungabunga iyo ngabire y’icuma ca radio, kugirango kizokwame gifasha abatari bake, na burya ata raporo mbi yari bwigere yakira ivuye mu myidogo yabohava bidogera ico kigo, akizera ko n’abo bakozi bashasha bazozana nabo ahubwo amaraso mashasha mu gutunganya no kwitaho akazi gusumba abahahora.

Uwaserukiye Fondation MUSEKE Muganga Aline NTAHONDI, asanzwe ari Umurundi afise ubwenegihugu bw’ubutaliano, yavuze ko baje mu Burundi mu mwaka w’2018 bazanywe no guhugura no kwigisha abakora muri ico kigo CNAR ibijanye ko kugorora abamugaye.

Niko guca basanga icuma ca radio gishaje cane, maze bemera kuzosubiriza ivyabaye nabi, ariko baca babona ko bahitamwo kugura radio ikwiye kugirango n’ibindi vyuma ntibizoze birapfa ngo bikenere gusubirizwa, kikaba catevye kubera hari habaye ingorane y’ikiza ca Kovid-19.

Akaba yashimye cane ingene ico Cuma cateranirijwe ngaha mu Burundi kandi bigakorwa n’abahinga basanzwe ari abakozi b’ico kigo CNAR Nyene, hatiriwe haraza abanyamahanga.

Yaboneyeyo gushimira Nyakubahwa Umushikirangnji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuko ataco adakora ngo ibikorwa vyabo bigende neza.

Akaba yaciye avuga ko haruhande y’inyigisho baheruka gutanga z’abakozi 13, bagiye kuzosubira kwigisha abandi bakeya muri uyu mwaka hamwe no mu mwaka uza nyene.

NININAHAZWE Samuel, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe Imibano, inkino n’imico kama, akaba yashimye cane iyo  ngabire yaronkejwe ico Kigo CNAR gisanzwe kiri ku murwa mukuru w’iyo ntara.

Akaba yashimiye cane abarongo Ikigo CNAR kukungene bazi kurondera abagenzi nyabo bashobora kuguma bafata mumugongo ico kigo.

Yashimiye cane Reta y’Uburundi yo yashizeho Ikigo CNAR kuko ubu kimaze imyaka Mirongo itanu (50) gitunganiriza abenegihugu, aca asaba ahubwo ko nabandi bagiraneza bofatira ngaho akarorero ka Fondation Museke bagaheza bakaza gushigikira ikigo CNAR.

Abakozi b’ico kigo bakaba bashimira cane umuyobozi wabo kubwira n’ubukerebutsi abarongorana, bakaba baciye babonerako kumushikiriza akaganuke k’ikikimenyetso c’ubutwari n’ubwira mumabanga ajejwe yo kurongora ico kigo.

Bakaba baciye bashimira na Nyakubahwa Umushikirananji ajejwe gushigikirana nawe kubona yama yitaho ko ico kigo abagikoreramo n’abacitura bamererwa neza.

Mwomenya ko  Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikirangnaji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira ariwe yatanguje igikorwa co gupima abarwayi akoresheje ico Cuma ca radio gishasha cakiriwe mu Kigo CNAR kuri uyu wa 17 Gitugutu 2022.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender

One Reply to “Ikigo ca Reta kigorora abamugaye CNAR acaronkejwe Icuma ca Radio Gipima n’indwara y’Igituntu”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *