Search
Close this search box.

ITANGAZO RY’UBUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME, umwaka 2022

Igenekerezo rya 11 gitugutu uko umwaka utashe hama hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Uburundi nabwo ntibwasigaye inyuma mu kuwuhimbaza.

Umunsi wahariwe umwigeme washizweho n’ingingo nomero 66/170 y’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ukaba wahimbajwe ubwambere mu 2011. Kuri uwo munsi amakungu aboneraho akaryo ko kwirimbura no gusuzuma aho agejeje mu gukingira agateka k’umukenyezi.

Uwo munsi mukuru ushitse mu gihe abigeme b’abarundikazi badahengeshanya guserukira igihugu mu makungu babicishije ku mpano zitandukanye zo kwinonora imitsi n’imico kama, bigakomeza guha agaciro igihugu cacu. Ni mugihe kandi Leta y’Uburund iiheruka gushiraho urubuga ngurukanabumenyi kugira abigeme n’abakenyezi bafise impano, ubuhinga n’ubumenyi butandukanye biyandikishe maze bamenyekane bongere bamenyekanishe ubwo buhinga bwabo.

Uwomunsi mukuru uzohimbazwa hisunzwe icivugo kivuga kiti : «Umwigeme atere imbere akingiwe mu buhinga ngurukana bumenyi».

Ico civugo kiduhamagarira twese gufasha umwigeme gushikira ubuhinga ngurukanabumenyi bumufashe gukarisha ubwenge ariko kandi akingiwe ingarukambi ashobora guhura nazo ariko arabukoresha.

Muri kino gihe , biribonekeza ko abigeme bakoresha ubwo buhinga ari bake ugereranije n’abahungu. Iterambere ry’ubuhinga ngurukanabubemenyi kw’isi yose ntirifasha gusa kwongereza ubwenge no kuronka akazi, ariko abigeme ntibakoresha ayo mahirwe ku mvo z’uko batavyitaho, inyubako zike, ibikoresho bijanye n’ugukoresha ubwo buhinga hamwe n’ukubura icitegererezo ciza ku babakurira mu bijanye n’ubwo buhinga. Kenshi abigeme bagendana ama terefone kugira bahanahane inkuru gusa, kandi boshobora kuzikoresha barorondera kuba abahinga mu bijanye n’urudandaza ruciye muri ayo ma téléphone. Kugirango ubwo busumbasumbane bugabanuke, birakenewe ko abo bigeme bafashwa gushikira ubwo buhinga ku rugero rumwe n’abahungu

Kubijanye n’Ubuhinga bwa none turashima ibikogwa bimaze gukogwa,hamwe n’ibiriko birakogwa kugira bifashe ugwaruka rw’abarundi hatibagiwe n’abigeme kugira bajane n’ibihe Mubijanye n’Ubuhinga bwa none. Aho twovuga gushiraho no kwigisha imigwi y’ubuhinga bwa none mu mashuri yisumbuye,gutanga ibikoresho bifasha,gushiraho ivyigwa bijanye no kwigisha ubuhinga mu ndinganizo z’amashuri, harashizweho ibigobirimwo ibikoresho vy’ubuhinga bwa none kugira bifashe ugwaruka kuronka imihora ngurukanabumenyi.

Ibirori vyoguhimbaza Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2022 mu ntaraya BURURI, ku murwa mukuru wa komine MATANA.

Tukaba dutumiriye Abarundi bose hamwe n’abashigikira Uburundi ngo bafashe abigeme guhimbaza uwo munsi mukuru wabahariwe mu kanyamuneza no mu kumutera intege no kumushigikira bimwe biboneka kugira ashishikare guharanira kazoza kiwe keza.

Twipfurije umunsi mukuru mwiza abigeme bose.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender

Zczc