Reta y’Uburundi igiye gufasha bidasanzwe abanyeshure b’abatwa biga mundaro

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 gitugutu 2022 i Gitega, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaratanguje ibikorwa vyo gutanga ibikoresho vy’ishure kubanyeshure babatwa batoye ikibazo co mu mwaka w’icenda ubu bari mu mashure afise uburaro.  Akaba yahereye ku banyeshure 18 bari mu mashure atandukanye ngaho mu ntara ya Gitega.

Yaboneyeho kubakeza no kubaha impanuro zitari nke, harimzo no kwirinda ibibasamaza hamwe agakuku k’abagenzi bohava babatesha intumbero nziza yo kwiga.

Yavuze kandi ko Reta y’Uburundi yabashigikiye kugirango bige bafise ingene babayeho nk’abandi banyeshure basanzwe bava mu miryango yifashe.

Aca ababwira ko ari icitegererezo kubandi kugira bazorabe ko umwimbu uzoba mwiza mugihe bashigikiwe.

Bakaba bashigikijwe ibikoresho bigizwe n’ivarizi, amashuka, uniforme amasabune hamwe n’amahera yo kwikenura muri bimwe bimwe bakenera mu buzima bza minsi yose.

Mwomenye ko bubaye ubwambere Reta ishigikiye abanyeshure babatwa batoye ikibazo co kwinjira mu mashure yisumbuye kandi uno mwaka bakaba bagera kw’125.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender

One Reply to “Reta y’Uburundi igiye gufasha bidasanzwe abanyeshure b’abatwa biga mundaro

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *