Abageze mu zabukuru barashimira Reta y’Uburundi ku myitwarariko bagirirwa

Abageze mu za bukuru barashimira cane Reta y’Uburundi ku migambi myiza yo kubitaho aho babaye mu buzima bwabo bwa misi yose. Ivyo vyashikirijwe n’umwe mu bageze mu za bukuru hariye mu giheta mu ntara ya Gitega, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 nzero 2022, igihe Nyakubahwa Imelde sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaririko abipfuriza umwaka mwiza w’2022.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yaboneyeho kwugurura icese inyubakwa ifise uburaro bwiza, izofasha  abageze mu zabukuru  bakitswe n’amara, bazoba baje kwivuriza mw’ivuriro ryo ngaho mu giheta, ry’abafurera bene Yozefu, ikaba yubatswe kumfashanyo y’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS.

Akaba  yariboneye ivyumba vy’iyo nyubakwa, igizwe n’ivyumba 15, abarwaye bazoraramwo, mbere hakaba hari n’igikoni co gukinjika ibifungurwa vyabo.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarashimiye cane Umuryango w ‘abafura Beneyozefu, ku migambi myiza cane bariko bararangurira mugihugu mu bisata bitandukanye na cane cane kuri   uwu mugambi wo gushigikira aba bavyeyi bacu b’abakurambere.

Yarashimiye kandi Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS kun mfashanyo yaryo yatanze mu ntumbero yo gushigikira abageze mu za bukur, aho mbere banatanze n’ibikoresho bigezweho bizofasha kurwanya ikiza korona virusi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaribukije abri aho ihimbaza ry’Umunsi mukuru wahariwe abageze mu za Bukuru wahimbarijwe mu ntara ya Gitega ku civugo kivuga giti: « Tuje hamwe twese mukwitaho amagara y’abageze mu zabukuru » aho vyari vyatewe iteka Mbere na Nyakubahwa Icegera c’Umukuru w’Igihugu cacu Prosper BAZOMBANZA.

Yashikirije abari aho ko Reta y’Uburundi yiyemeje  kubandanya ikora ukwo ishoboye kugira ngo buke buke abageze muzabukuru bagende bagira umwizero gutyo babone ko «kuramba ari umugisha».

Aha akaba yashimikiye ku nyishu ya mbere ibereye iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano haheze imyaka ine ihimirizwa kuva muri mukakaro umwaka w‘2018.

Mu bimaze kurangurwa na Reta y ‘Uburundi kubijanye no kwitaho abageze mu zabukuru, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaraciye kumayange ibi bikurikira:

  • Kugiriranira amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu zabukuru, ivyo bikaba bituma tubaha agafashanyo (subsides) ku mwaka ku mwaka tutibagiye kubarihira amatara n’amazi ndetse n’ugufasha kugira ngo imfashanyo zivuye hanze zigenewe abageze mu za bukuru zibashikire atakirinze gutangwa;
  • Kugendera ivyo bigo tukabironsa ibipfungurwa n’utundi twankenerwa;
  • Kuvuza k’ubuntu ba ntahonikora bageze mu za bukuru;
  • Gushiraho politike y’igihugu, imigambi n’amategeko ajanye no gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu tutibagiye n’ikigega FAPS kijejwe gutororokanya uburyo bwo kurangura iyo migambi;
  • Gutegekaniriza kazoza no kuvuza abageze mu za bukuru bahoze ari abakozi ba Leta, n’ibindi…

Mu mpanuro za Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Mu kirundi bavuga bati yahereye mu mugani w’ikirundi uvuga uti: « Umuvyeyi akumwa imvanda bwaca nawe ukamumwera imvi »,  kandi yongera ati : « Urukwavu rurakura rukonka umwana » aca aboneraho gushimira abo bose bama bitanga  mu gushigikira abageze mu zabukuru.

Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yarateye ivyatsi abantu bamwe bamwe, mbere bafise uko bigira, bafise ubuzi, canke ibindi bakora vyabo ariko bibaha uburyo butari buke bw’amafaranga, ariko ugasanga ntibitaho ineza y’abavyeyi babo iyo bari. Aca abasaba guhindura iyo ngendo, kuko ngo ni umuvumo baba bariko barikwegera.

Aha akaba yishimikije ijambo ry’Imana dusanga mu gitabo c’ihunga, canke ahandi citwa co Kuvayo, 20:12, havuga ngo: « wubahe so na nyoko, kugira ngo urambire mu gihugu, Umukama Imana yawe iguhaye » (Kuva 20:12).

Ku bageze mu zabukuru bahora basanga mu mabarabara basegerereza, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabasavye ashimitse guhindura iyo ngendo aca ahamagarira abajejwe intwaro, n‘uwo wese mu kibano kugira uruhara kugirango barya banyokuru basegerereza hamenyekane iyo bava, ingorane bafise, gutyo baheze bafashirizwe mu kibano babayemwo, ariko atari kwirirwa mw’ibarabara basegerereza.

Akaba yarangije ashikiriza agafashanyo abageze mu zabukuru bari bitavye ivyo birori. 

Nyakubahwa HAKIZIMANA Cyriaque, Umufurera Mukuru arongoye umuryango w’abafurera beneyozefu mu Burundi, yarashimiye Reta y’Uburundi abicishije ku bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku kungene bwama bwitaho cane abageze mu zabukuru.

Yamenyesheje ko mu vyirwa vyagizwe mu makomine 4 ariyo Rutegama, Nyabihanga, Gitega na Giheta, aho basanze abarenga 98% batipfuza ko bojanwa mu bigo vy’abageze mu zabukuru (maison de repos ou de retraite), ariko bakipfuza gufashirizwa mu ngo zabo.

Akaba yaciye amenyesha ko bipfuza ko batuguma bakorera mu makomine ane gusa, ahubwo ko bakwagura mu nteguro y’ikiringo ca kabiri co kuva mu mwaka 2022-2026.

Yaboneyeho gushimira ishirahamwe OMS ku mfashanyo y’inyubakwa y’ivyumba 15 izofasha abo bageze mu zabukuru baje kwivuza, ariko aca yongera abasaba ko bosubira kubashigikira kugirango bashobore noneho kuronka ivyumba 100.

Docteur BAZA Dismas yari yaserukiye uwuhagarariye Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS mu Burundi, yamenyesheje ko iryo shirahamwe rizokwama na ntaryo rishigikira imigambi ya Reta y’Uburundi na cane cane iyijanye no kwitaho abageze mu zabukuru.

Docteur BAZA Dismas Yarongeye aravuga ko OMS yatanze ibikoresho vyo kwikingira Ikiza Ruhonyanganda Kovide 19, mu ntumbero yo guterera mu gukingi abageze mu za bukuru ico kiza.

Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya Gitega akaba yashimiye cane nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe gushigikirana, ku migambi myiza myinshi iteza imbere abene gihugu, irangurirwa muri iyo ntara ibicishije kuri ubwo Bushikiranganji.

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatanguriwe n’inkuka ya misa yasomwe na Nyakubahwa Patiri Furera Alexis IHORIHOZE na Nyakubahwa  Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’iterambere Ridakumira akaba yari ahari.

Mu nsiguro y’uwo munsi Nyakubahwa Patiri Furera Alexis IHORIHOZE akaba yaribukije abaraho ko abakuze n’abakiri bato bakwiye kwuzuzanya kugirango ntihagire uwipfuza kuronka ico atarashikako, canke ngo hagire uwicuza ati iy’aba nkiri muto nari gukori iki na kiriya.

Inyuma yo gusangira ibifungurwa n’ibinyobwa, muntumbero yo kwipfuriza umwaka mushasha abageze mu zabukuru,  Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye atangura igikorwa co gutanga ibifungurwa n’masabune abageze mu zabukuru bagera ku 350 bo mu makomine ya Gitega, Giheta, Rutegama na Nyabihanga.

Yarongeye aratanguza n’igikorwa co kubashikiriza n’amakarata yo kwivurizako CAM abo bageze mu zabukuru bagera ku 350  bo mu makomine twavuze kugirango bashikire ubuvuzi bitabagoye, abagera 122 bakaba bayahawe uwo munsi nyene.

Mwomenya kandi ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagiye yanditse mu gitabu c’iteka, aho Furera Mukuru arongoye Umuryango w’abafurera Beneyozefu yari yamwakiriye mu biro iwe ari kumwe n’abandi bashitsi b’iteka.

Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’intambo zitandukanya harimwo n’umurisho w’ingoma.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender .

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *