Agateka ka Zina muntu karitawe bidasanzwe mu Burundi

Reta y’Uburundi yama ikora itiziganya kugirango agateka ka zina muntu mu mice yose kamenyekane kandi kubahirizwe ». Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 7 nzero 2022 i Bujumbura mu kwugurura uruganda rw’inyigisho zerekeye agateka ka zina muntu.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yamenyeshe  ko Reta y’Uburundi  yakoze ibikorwa vyinshi bishimishije bitezimbere kandi bikingira agateka ka zina muntu.

Aha akaba yatanze uturorero  tw’ishirwaho ry’ibigo bijejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu mu ntara zose no mu makomine yose, ihinyanyurwa ry’amategeko atandukanye na cane cane ayajanye no gukingira agateka k’abana, ishirwaho ry’imigambi itezimbere urwaruka n’abakenyezi, akaba yafatiye kw’ishingwa ry’Ibanki y’urwaruka hamwe n’iy’abakenyezi, n’ibindi.

Yarongeye aravuga ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama butunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu ku mice itandukanye y’abenegihugu.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yamenyesheje abari aho ko izo nyigisho zatunganijwe mu gihe amakungu aheruka guhimbaza umunsi mukuru w’Itangazo Mpuzamakungu ry’Agateka ka Zina Muntu ku civugo kivuga kiti : « Ukungana kugabanya ubusumbasumbane, nivyo bitezimbere agateka ka zina muntu »

Nayo ngo ku rwego rw’igihugu icivugo kikagira kiti : « Ukungana kuri bose, turandurane n’imizi amacakubiri mubenegihugu, dutezimbere agateka ka zina muntu »

Mwomenya ko Urwo ruganda rwari rwitabiriwe n’akakorera mu buyobozi bukuru bw’agateka ka zina muntu, uwurongoye ubuyobozi bw’ingo n’imiryango mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abaserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Source: Ministry of National Solidarity, Social Affairs, Human Rights and Gender .

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *